Dj Kolly - Beeefff!!!! lyrics

Published

0 179 0

Dj Kolly - Beeefff!!!! lyrics

"Beeefff!!!!" [Intro] [Verse 1] Naba umuraperi nazanana n'akarusho Muga banka umuraperi yaje kubabera umuco Nako ndabizi, ndunva amagorwa yo kwisi Ninaco gituma umbona nashinzi imizi Ndacishako, abankunda bakura ishapo Nkacira ishano ry'abanyanka bancirako Bikorera imva, bagakorera lucifa Baryamye ntibanatora itiro batarose mpfa Sinari umwansi, ngumana umutwe hejuru Nikundira abo banzi nkaje bakirondera ijuru Baza Imana yanvyaye mbega kwari ukwihenda Baza na MAMA yanvyaye we arazi s'ukwihenda Genda ufate ikaramu ufate n'urupapuro Ugende usigasige ntiwizere kurapa kuno Inzoga zanyowe, eka n'amajwi yatowe Natowe nk'uwanyuma murahumba nzohaguma Ntimunyanke sije ntuma batabunviriza Mushaka kuvuga shapuka ijwi ndabadugiriza Mu bihe bibi nzoba nahindutse umukaca Mukarisha ikibi ntawuzohunga mwese murasha Barakuratarata bakakuyagayaga Bicwa n'inzara mugabo utashe uhora urya ugahaga [Verse 2] Nar'umuraperi ntari bwamenye ivyari ivyo Kuryama wunva ukundwa ukavyuka kuririmba ari faux Muga nivyo ntakwibwira kwata wukurusha Ubona imbere yo kumenyekana usaba uruhusha Kiradunda kirarota kiranasimbasimba kiranagotwa Cunvise ari iyambere iririmbwa Muga uwo mutima uguhenda uzoguhinduka Kuvyuka usanga abakwikundira batakikwibuka Abansi nimunyirekere ngumane n'abanje Bamwe bagumya impwemu iyo banyunvise ndaje Nd'umwe mwese mwa*ka nd'umwe mwese mudashaka Nd'umwe ushishwa wunvise mugabo uguma uyaga Mwami mu guhanga banyitiriye akaranga Nkundwa na bake bamwe dusangiye akabanga Siwewe wantoye sinamye aha kuva kera Nd'uwa vuba kandi amajwi aguma yiyongera Bavuga menshi menshi vuba mu kanwa hanuka Kwa muganga mwandikire vuga make uce uruhuka Kuva nd'umuraperi benshi barashavura Umuziki nanje ntukunda vyose uracagura Vice ni keperi Sultan ni umugesera Nuko nyene atanwa ibiyeri boca bomukerera Afashwe ava mwi bus aja kunwa mwp mangazini Yararikumwe n'aba missi bali bouger paka cini [Verse 3] Nab'umuraperi ntazi ko buriya nkaze Ndirimba verse zitatu nkabona ko zitamaze Bariyemera sana bibaza yuko basumba Abanyiyunvamwo buca bababwira murahumba Baza bamfata nabi bangira igi koropesho Ntuz ugume urya imihari ngo ndi ka gapeti k'ejo Ngo wamana ubukene mwi bari ntugisorora Wa mupetit nzura yayamaz kuyu mugoroba Ubu waburiwe, ego ubu ntugihakanye Ko je ndi wa muhungu mu kurapa yananiranye Kuki mufuha kuki muhunga Sinje kubica je kubaririmbisha Kuki mutaha kuki muraha Mbega indirimbo zanj zirabaruhisha Kuki muvyina kuki muriha Kuko indirimbo zanje zingora kubisha [Outro] Oh yeah on you muthaf**er! Oh yeah!! HAHA!! HEHEHEHEE!! (funnyvoice) Ntubabare ntubabare ntubabare eh! Niwe mbwira nyene wewe nyene wewe umfata nabi urakanyarigwa!! hahahahahah!!